Reta zunze ubumwe za Amerika yafatiye ibihano abategetsi 14 b'Ubushinwa ku bijanye n'ikandamizwa ry'abatavuga rumwe na reta y'Ubushinwa ryakozwe mu ntara ya Hong Kong.
Ivyo bihano vyatangajwe uno musi ku wa mbere. Vyafashwe kubera ingingo Reta y’Ubushinwa yafashe yo gukura abashingamateka batavuga rumwe na Reta batowe mu ntara ya Hong Kong.
Reta ya Hong Kong ishigikiwe n’Ubushinwa yarirukanye mu kwezi guheze abanywanyi bane b’inama nshingamateka batavuga rumwe na Reta. Ni inyuma y’uko inama nshingamateka y’Ubushinwa ihaye abategetsi b’iyo ntara ububasha bushasha bw’ugukandamiza abatavuga rumwe na reta.
Iyo ngingo yatumye abashingamateka batari bake baharanira demokrasi mur’ iyo ntara yahoze ikolonijwe n’Ubushinwa, batanga imihoho ikivunga.
Abategetsi b’Ubushinwa bose uko ari 14 bafatiwe ibihano bose n’abanywanyi b’inama nshingamateka y’Ubushinwa.
Ingingo y’ukubafatira ibihano iri mu ntumbero ya Prezida wa Amerika, Donald Trump y’ukubandanya kuremera abategetsi b’ubushinwa mu ndwi za nyuma asigaje mu mabanga yiwe ya prezida.
Joe Biden, umudemokrate yatowe kuzoba prezida, azoshikira ayo mabanga kw’italiki 20 y’ukwezi kwa mbere mu mwaka buca utangura w’i 2020.
Facebook Forum