Uko wahagera

USA Yakuye Abakozi muri Ambasade i Baghdad ku Mvo z'Umutekano


Ibiro vya Ambasade y'Amerika i Baghdad, muri Iraki
Ibiro vya Ambasade y'Amerika i Baghdad, muri Iraki

Ambasade ya Reta zunze ubumwe z’Amerika i Baghdad yabaye irakurayo abakozi bayo ivy’agateganyo kumvo z’umutekano. Vyashikirijwe n’abategetsi babiri ba Iraki kuri uyu wa gatatu.

Amerika ihangayikishijwe n’ibisasu vya roketi hamwe n’amabombe ategwa mu mabarabara bitumbereye ambasade yayo hamwe n’ahari ibikoresho vya gisirikare muri Iraki. Nta gitigiri c’abo badiplomate bakuweyo catangajwe.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu bw’Amerika yanse kugira ico ashikirije kuri iryo vanwa ry’abo bakozi muri Iraki, ariko yavuze ko umutekano w’abategetsi ba Amerika, abenegihugu bayo hamwe n’ibibanza bakoreramwo ari vyo biza imbere.

Amerika yari yaragabishije Iraki ko kumvo z’umutekano ishobora kwugara ambasade yayo yose muri ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG