Uko wahagera

Reta ya Nijeriya Yatanguye Gutahukana Abataye Ingo Zabo Kubera Intambara


Abajejwe umutekano bariko baratondeka abanyagihugu mw'ikambi bahungiyemwo muri reta ya Borno, muri Nijeriya, kw'italiki ya 29/08/2016.
Abajejwe umutekano bariko baratondeka abanyagihugu mw'ikambi bahungiyemwo muri reta ya Borno, muri Nijeriya, kw'italiki ya 29/08/2016.

Abantu hafi 3 000 batanguye gutahuka mu ngo zabo no mu mirima bataye muri reta ya Borno mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya kuri uyu wa mbere. Ni inyuma y’imyaka itandatu bahunze ubwicanyi bw’intagondwa z’abayisilamu.

Bahungutse mu gihe mu mpera z’indwi irangiye abanyagihugu 43 bagandaguwe muri iyo ntara. Abategetsi kandi bavuga ko bafise impungenge ku bukene bw’ibifungurwa buterwa n’ibitero ku barimyi.

Bavuye ku murwa mukuru w’iyo reta, Maiduguri mu makamyo bagana mu mihana yabo i Marte, ahahoze hazwi nk’ikigega c’ibifungurwa mu karere k’ikiyaga Chadi.

Abo batahutse mu ngo zabo kuri uyu wa mbere, ni umugwi wa mbere uvuye muri ako gasagara ka Marte, nkuko bishikirizwa n’ikigo c’igihugu kijejwe kwitaho ibiza.

Buramatari w’iyo reta, Zulum yasavye ko abanyagihugu bose hafi imiliyoni zibiri bahungiye hagati mu gihugu basubira mu mihana yabo, naho amashirahamwe y’abagiraneza ashikiriza impungenge z’umutekano wabo.

Yavuze ko reta ata buryo bw’amafaranga ifise bwo gukingira abo banyagihugu bari mu makambi acungerewe n’abasirikare kandi badakwiye kwama biteze ibifungurwa bahabwa n’abagiraneza.

Abantu bashika 36 000 barishwe mu ntambara n’intagondwa z’abayisilamu kuva mu 2009 kandi ubwo bwicanyi bwahavuye butandukira ibihugu bibanyi vya Nijeri, Chadi, Kameruni.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG