Uko wahagera

Turukiya: Abarenga 300 Bagirizwa Coup d'Etat Bakatiwe Urwo Gupfa


Ababorisi bacunze abanyororo bagirizwa kugira uruhara muri Coup d'Etat yapfuvye mu 2016 i Kayseri muri Turukiya
Ababorisi bacunze abanyororo bagirizwa kugira uruhara muri Coup d'Etat yapfuvye mu 2016 i Kayseri muri Turukiya

Sentare muri Turukiya kuri uyu wa kane yaciriye urubanza rwo gupfa abasirikare n’abasivile barenga 300 bari bamaze imyaka itatu baburanishwa ku ruhara bagize muri coup d’etat yaburijwemwo, yari igamije gukura reta ya perezida Recep Tayyip Erdogan mu kwezi kwa ndwi 2016.

Bari mu bantu 475 baburanishijwe mu 2017 bagirizwa ico caha. Iryo gerageza gutembagaza ubutegetsi ryahitanye abantu barenga 250 n’abandi 2 000 bakomeretse. Inyuma yo kugerageza uwo mugambi ukabata kuwamazi, abantu 130 000 barirukanwe mu buzi bwa reta.

Abaciriwe urwo gupfa barimwo abajenerali hamwe n’abapilote b’indege bagirizwa gutanga amategeko muri iyo coup d’etat no gutera bombe ku nyubako za reta, harimwo n’icicaro c’inama nshingamateka ya Turukiya.

Bagirizwa kandi gukorana n’umunyedini ari muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, Fethullah Gulen, yagirizwa kuba kw’isonga ry’abateguye uwo mugambi wo gukuraho ubutegetsi. Yarahakanye ivyo vyagiriji. Turukiya yasavye ko yoherezwa mu gihugu.

Abantu 70 barejejwe muri izo manza, mu gihe bamwe baciriwe umunyororo uri hagati y’imyaka itandatu na 16.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG