Uko wahagera

Amerika Imenyesha ko Itazohereza Fethullah Gulen muri Turukiya


Fethullah Gulen
Fethullah Gulen

Ibiro vya perezida, White House muri Reta zunze ubumwe z’Amerika birabeshuza ivyashikirijwe na Turukiya ko perezida Donald Trump ariko ariyumvira kurungika umunyedini w’umuyisilamu, Fethullah Gulen muri Turukiya.

Ni inyuma y’aho umushikiranganji wa Turukiya w’imigenderanire n’ayandi makungu, Mevlut Cavusoglu ashikirije kuri televiziyo CNBC yo muri Amerika ko igihe bari mu nama ya G20 i Buenos Aires Trump yabwiye mugenzi wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan ko Amerika iriko irakora kugira isubize Gulen n’abandi bantu muri Turukiya.

Gulen aba mu buhungiro muri reta ya Pennsylvaniya. Turukiya kimwagiriza kuba ari we yari ku mutwe w’abagomvye gukura Erdogan ku butegetsi bakoresheje inguvu za gisirikare muri 2016.

Gulen yarahakanye ivyo yagirizwa, ariko igihugu ca Turukiya cabandanije gisaba Amerika kumuringika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG