Uko wahagera

Sudani: Sadiq al-Mahdi Yahoze ari Umushikiranganji wa Mbere Yishwe na COVID-19


Sadiq al-Mahdi, umukuru w'umugambwe wa politike Umma mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Khartoum, kw'italiki 6/02/2020
Sadiq al-Mahdi, umukuru w'umugambwe wa politike Umma mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Khartoum, kw'italiki 6/02/2020

Amabendera muri Sudani yamanuwe gushika hagati inyuma y’aho uwahoze ari umushikiranganji wa mbere, Sadiq al-Mahdi, yakuwe ku butegetsi na coup d’etat yashikanye Omar al-Bashir ku butegetsi, yiciwe na COVID-19 kuri uyu wa kane.

Al-Mahdi, apfuye afise imyaka 85 nkuko biri mw’itangazo ryasohowe kuri uyu wa kane n’umugambwe Umma. Uwo mugambwe uvuga ko yatwawe n’indege muri Emirat z’Abarabu zunze ubumwe mu ntango z’uku kwezi inyuma y’aho we n’abandi 21 bo mu muryango wiwe banduriye COVID-19 i Khartoum.

Al-Mahdi yari amaze indwi zirenga zibiri avurirwa mu bitaro i Abu Dhabi imbere yuko ashengera.

Bitegekanijwe ko ikiziga ciwe gitahukanwa i Khartoum kuri uyu wa gatanu.

Reta mfatakibanza ya Sudani yatangaje imisi itatu y’ikigandaro mu gihugu cose.

Abanyesudani batari bake bavuga ko urupfu rwa al-Mahdi ari agahombo ku gihugu kuko yabaye umutegetsi aharanira demokarasi.

Al-Mahdi yari yavutse kw’italiki 25 z’ukwezi kwa cumi na kabiri, umwaka w’1935 i Omdurman, mu burengero bw’umurwa mukuru Khartoum.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG