Uko wahagera

USA: Umukozi w'Ikigo CIA Yariciwe muri Somaliya


Ibiro vy'ikigo CIA muri Amerika.
Ibiro vy'ikigo CIA muri Amerika.

Umukozi w’ikigo c’Amerika kijejwe iperereza, CIA yariciwe mu mirwano muri Somaliya mu misi iheze. Ibinyamakuru vyo muri Amerika vyabitangaje kuri uyu wa kane, ariko nta nsiguro z’ingene yishwe zatanzwe.

Ikinyamakuru The New York Times kivuga ko uwo mukukuruke yakorera ishami rya CIA rijejwe ibikorwa bidasanzwe, igisata gihabwa imirimo itoroshe ishobora no gutwara ubuzima bw’abayikora.

Ikinyamakuru CNN naco cavuze ko yishwe n’ibikomere yakomeretse mu rugamba mu ndwi iheze. Ikigo CIA ntaco kiravuga ku rupfu rwiwe.

Reta zunze ubumwe z’Amerika ifise abasirikare 700 yarungitse muri Somaliya bariko baha imyimenyerezo inteko za Somaliya no kugaba ibitero ku muhari Al-Shabaab, Amerika yashize ku rutonde rw’imihari y’iterabwoba mu 2008.

Al-Shabaab igereranywa kuba ifise hagati y’abarwanyi 5 000 n’9000 bagambiriye gutembagaza reta ya Somaliya, iriko irafashwa n’inteko 20 000 z’umuryango w’ubumwe bwa Afrika.

Reta ya Perezida Donald Trump iriko yiyumvira gutahukana abasirikare bose b’Amerika bari muri Somaliya imbere yuko irangiza amabanga yayo mu kwezi kwa cumi na kumwe, nkuko ico kinyamakuru kivuga.

Ariko raporo yo kwizigirwa yasohowe mu kwezi kwa kabiri yavuze ko naho Amerika ibandanya kugaba ibitero vy’indege no gufasha abasirikare ba AMISOM, Al-Shabaab isa n’iyiriko yongereza inguvu n’abarwanyi ku buryo ngo ishobora no kubangamira umutekano w'Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG