Abakuru b’amoko n’amadini muri Nijeriya bariko barasaba abagabo gukingira agateka k’abakenyezi n’abakobwa. Ni mu nama yatunganijwe na ONU hamwe n’ubumwe bwa Bulaya kuri uyu wa kabiri muri Nijeriya. Ni mu gihe kandi ingingo zo guhagarika imirimo mu gihugu kubera COVID-19 vyatumye amabi akorerwa abakenyezi yiyongera.
Iyo nama ihuriranye n’ihimbazwa ry’umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe kurandurana n’imizi amabi akorerwa abakenyezi wibukwa buri kuwa 25 y’ukwezi kwa cumi na kumwe.
Icigwa cakozwe na ONU cerekana ko abakenyezi batatu kw’icumi bakorerwa amabi, bamwe kuva ku myaka 15. Ariko bamwe ntibimenyekanisha kubera imico n’imigenzo.
Abategetsi ba Nijeriya bavuga ko ibitigiri vy’abakenyezi bakorerwa mwene ayo mabi vyiyongereye incuro zitatu muri iki gihe c’imirimo itari mike yahagaritswe muri Nijeriya kubera COVID-19.
Facebook Forum