Uko wahagera

Abagirwa n'Iterabwoba muri Kenya ku Rutonde Rwirabura rw'Amerika


Abajejwe umutekano muri Kenya bafasha abanyagihugu guhunga iterabwoba kw'ihoteli i Nairobi, Kenya, kw'itariki ya 15/01/2019.

Reta zunze ubumwe za Amerika ejo kuwa kabiri yarashize ku rutonde rwirabura rw’abakora iterabwoba umukuru w’ishami Jaysh Ayman rishimikiye kuri Al-Shabaab, yagirizwa igitero c’iterabwoba cabaye mu kwezi kwa mbere muri Kenya cahitanye abanyamerika batatu.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu bwavuze ko abashizwe kuri urwo rutonde ari Maalim Ayman, umukuru wa Al-Shabaab na Abdullahi Osman Mohamed, atega ibisasu akongera akamenyekanisha amakuru y’uwo muhari w’iterabwoba.

Abategetsi bavuga ko ako kagwi Jaysh Ayman ari ko kagavye igitero mu kwezi kwa mbere kw’ikambi Simba iri mu buraruko bwa Kenya, hapfa abanyamerika batatu hongera hasamburwa indege zitari nke.

Ivyigwa vyakozwe mu 2018 n’ikigo Jamestown Foundation co muri Amerika, vyerekanye ko ishami Jaysh Ayman rishamikiye kuri Al-Shabaab yo muri Somaliya kandi ryashinzwe muri Kenya kugira Al Shabab yiyoberanye.

Kenya yaratewe ibitero vy’iterabwoba kuva aho irungikiye abasirikare muri Somaliya mu 2011 mu rwego rw’inteko zo mu muryango w’ubumwe bwa Afrika ziriko zirukana Al-Shabaab ku murwa mukuru Mogadishu.

Al-Shabaab yagenwe na Amerika nk’umurwi w’iterabwoba mu 2008. Al Shabaab yagirizwa kandi igitero c’ubwiyahuzi cabaye kuri uyu wa kabiri i Mogadishu cishe abantu bashika kuri batanu.

Amatungo y’abo bantu bashobora kuba bafise muri Amerika yafashwe kandi uwuzobafasha wese azoshirwa mu murwi w’abafasha iterabwoba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG