Uko wahagera

Polisario Yavuye Icese mu Masezerano y'Uguhagarika Ingwano na Maroc


Abasirikare b'umuhari Polisario
Abasirikare b'umuhari Polisario

Umuyobozi mukuru w’umuhari Polisariso, uharanira ukwikukira kw’intara ya Sahara yo mu burengero, Ibrahim Ghali yatangaje uno musi ku wa gatandatu ko uwo muhari wahagaritse kwubahiriza amasezerano y’uguhagarika ingwano n’igihugu ca Maroc yari amaze imyaka 29. Ivyo mu ntumbero y’ugusubira kubandanya urugamba rw’uguhabuza intara ya Sahara yo mu burengero. Ivyo bibaye inyuma y’uguhangana hagati y’izo mpande zibiri kwabereye ku rubibe ruri hagati yazo.

Isambuka ry’agahengwe hagati y’izo mpande zompi bishobora gusubira kwatsa ingwano mu ntara ya Sahara yo mu burengero. Bishobora kandi kwongereza icuka kibi gisanzwe kiri hagati y’ibihugu vya Maroc na Algeria, igihugu gihaye indaro umuhari Polisario.

Umuyobozi mukuru w’umuhari Polisario, Ibrahim Ghali yatangaje ko yateye igikumu kw’itegeko ritangaza ko uwo muhari uhagaritse kwubahiriza amasezerano y’uguhagarika ingwano n’igihugu ca Maroc. Yagiriza ico gihugu ko carenze kuri ayo masezerano.

Yamara abategetsi ba Maroc bavuga ako bazobandanya kwubahiriza ayo masezerano.

Maroc yigaruriye intara ya Sahara yo mu burengero kuva igihugu ca Espanye kivuye muri iyo ntara cari gikolonije mu mwaka w’i 1975. Ibona ko iyo ntara iyegukira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG