Uko wahagera

Amnesty: Abasivile Ataco Bazira Baragandaguwe muri Etiyopiya


Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku burenganzira bwa muntu, Amnesty International, ryavuze ko ibitigiri bitari bike vy’abasivile bishwe mu ntara ya Tigre muri Etiyopiya muri iyi ndwi.

Deprose Muchena, umuyobozi wa Amnesty mu karere k’ubuseruko n’ubumanuko bwa Afrika yavuze kuri uyu wa kane ko abo bantu basa n'aho bari abarimyi, ata ruhara na rumwe bafise mu ntambara za gisirikare ziriko ziraba.

Raporo ya Amnesty yo kuri uyu wa kane ivuga ko ibiziga vy'abo vyatowe kw’italiki y’icenda uku kwezi kwa cumi na kumwe i Mai-Kadra, mu bumanuko bushira uburengero bw’iyo ntara. Ariko abakoze ubwo bwicanyi ntibaramenyekana.

Uruhagarara muri iyo ntara rwatanguye kuva kw’italiki ya 9 ukwezi kw’icenda, igihe Tigre yatunganya amatora inyuma y’aho umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed ayigirije inyuma, atanga impamvu y’ikiza ca COVID-19.

Raporo za vuba zishikirizwa n’ibinyamakuru zivuga ko abantu baharurwa mu majana bamaze gusiga ubuzima muri iyo mishamirano.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko abanyetiyopiya barenga 7 000 bahunze intara ya Tigre, bahungira muri Sudani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG