Uko wahagera

Abasirikare 6 Mvamakungu Bapfiriye mw'Isanganya muri Misiri


Akarere ka Sinai
Akarere ka Sinai

Abategetsi ba Isirayeli na Misiri bavuze ko abasirikare umunani b’abanyamahanga bo mu nteko zishinzwe kubungabunga amahoro, barimwo abanyamerika batandatu, bapfuye kuri uyu wa kane. Ni igihe indege barimwo yo mu bwoko bwa kajugujugu ikorokeye mu bikorwa barimwo vya buri musi mu karere ka Sinai.

Izo nteko mvamakungu hamwe n’indorerezi, bashinzwe kugenzura iyubahirizwa ry’amasezerano y’amahoro yo mu 1979 hagati ya Isirayeli na Misiri. Abo bategetsi bavuze ko abandi babiri bapfuye ari abamuka mu Bufaransa na Chekoslovakiya. Amazina y’abapfuye ntiyatangajwe kuko imiryango yabo itarabimenyeshwa.

Uwundi agira icenda yari muri iyo ndege, w’umunyamerika, yakomeretse bikomeye muri iryo sanganya.

Abategetsi ba Isirayeli na Misiri bompi bavuze ko bisa n’uko ryabaye isanganya ry’ubuhinga bw’indege, ko ata kimenyetso cerekana ko iyo ndege yakorowe.

Mu gihe aho iryo sanganya ryabereye hatazwi, umutegetsi muri Misiri atashimye kumenyekana kuko atemerewe kuvugana n’ibinyamakuru, yavuze ko iyo kajugujugu yakorokeye mu mazi yo mu kiyaga gitukura hanze y’imbibe za Misiri.

Uwo mugwi w’abasirikare mvamakungu washizweho inyuma y’amasezerano y’amahoro hagati ya Misiri na Isirayeli mu 1979, ugizwe n’abasirikare bava mu bihugu 13, aho Amerika ifisemwo igitigiri kinini.

Iryo sanganya ryo kuri uyu wa kane ni ryo rihitanye abasirikare benshi b’Amerika muri uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG