Uko wahagera

Abanyabulaya Biyemeje Kurwaniriza Hamwe Ibitero vy'Iterabwoba


Perezida w'Ubufaransa, Emmanuel Macron, iburyo, na shanseliye wa Autriche, Sebastian Kurz, ibibamfu, bari mu nama i Buruseli mu Bubiligi, kw'italiki ya 10/11/2020
Perezida w'Ubufaransa, Emmanuel Macron, iburyo, na shanseliye wa Autriche, Sebastian Kurz, ibibamfu, bari mu nama i Buruseli mu Bubiligi, kw'italiki ya 10/11/2020

Abategetsi ku mugabane wa Bulaya bakoranye kuri uyu wa kabiri mu Bufaransa kugira barabire hamwe ingene bokorera hamwe kandi mu buryo bwihuta mu gihe habaye igitero c’iterabwoba. Ni inyuma y’ibitero vy’iterabwoba biherutse kuba mu Bufaransa na Autriche.

Ikibazo c’ingene bovyifatamwo ku bitero vy’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu, nk’ibiheruka kuba mu bisagara vya Nice na Vienne, ni co cakoranije kuri uyu wa kabiri perezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron na shanseliye wa Autriche, Sebastian Kurz ku kirimba c’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa i Paris.

Iyo nama kandi yitabwe n’abategetsi b’Ubudagi, Ubuholande, hamwe n’abategetsi bakuru b’umuryango w’ubumwe bwa Bulaya bifashishije uburyo bwa videoconference.

Perezida Macron yasavye ko hoba ugukorera hamwe kandi vyihuse kw’abanyabulaya mu kurwanya ibitero vy’iterabwoba.

Abo bategetsi mu Bulayi bashimangiye ku co bise kurwanya amajambo y’inzankano aca kuri interineti. Yavuze ko interineti ari urubuga bwo gushikiririzako ubwigenge ariko ko ikiza ubwa mbere ari umutekano.

Mu kurwanya iterabwoba, abategetsi b’ibihugu vya Bulaya bipfuza ko hafatwa ingingo ku buryo inyigisho zitangwa n'abakuru b’idini rya isiyamu mu misigiti kuri uyo mugabane zitabamwo amajambo y’urwanko.

Iyi nama yabaye hasigaye umusi umwe ngo hibukwe uyundi mwaka igitero c’iterabwoba co muri 2015 ukwezi kw’icenda cahitanye abarenga 100 i Paris.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG