Uko wahagera

Ubwoba bw'Igitero c'Iterabwoba mu Bwongereza


Abaporisi mu bikorwa vyo gukizura ku murwa mukuru Londres, mu Bwongereza.

Umushikiranganji w’Ubwongereza ajewe intwaro mu gihugu hagati yatangaje kuri uyu wa kabiri ko igihugu congereje urugero rwo kwiyubara ko hashobora kuba igitero c’iterabwoba. Yavuze ko urwo rugero ruvuye ku “guhambara” ruduzwa ku “gukomera cane”, inyuma y’ibitero vy’iterabwoba vyabaye mu Bufaransa na Autriche.

Kubw’ikigo MI5 c’Ubwongereza kijejwe iperereza, iryo gabisha rikomeye cane risigura ko igitero c’iterabwoba gifise amahirwe manini yo gushobora kuba.

Umushikiranganji Priti Patel yavuze ko uru rugero rwo kwiyubara igitero c’iterabwoba rudugijwe inyuma y’aho intagondwa ikoreye igitero ikoresheje imbugita mu gisagara ca Nice, mu Bufaransa hamwe n’abandi bantu bane bishwe barashwe i Vienne muri Autrich kuwa mbere n’umugabo yitwaje inkoho yamenyekanye ko ari intagondwa y’umuyisilamu.

Patel yavuze ko abantu batogira ubwoba, ariko bogaba. Yongeyeko ko abajejwe iperereza n’abaporisi bagiye kuboneka ari benshi mu bice bitandukanye vy’igihugu mu ntumbero yo gukinga icoba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG