Uko wahagera

Umushikiranganji wo Kwivuna Abansi w'Amerika Yakuwe mu Mabanga


Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Mark Esper

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump kuri uyu wa mbere yatangaje acishije ku rubuga Twitter ko yakuye mu mabanga umushikiranganji wo kwivuna abansi, Mark Esper.

Esper vyari vyitezwe ko aguma muri iki kibanza muri iki gihe co kurindira ibisikanya ry’ubutegetsi hagati ya Trump na perezida yatowe Joe Biden mu mpera z’ukwezi kwa mbere 2021.

Christopher Miller, umuyobozi w’ikigo c’igihugu kijejwe kurwanya iterabwoba, yaciye agenwa kumusubirira ivy’imfatakibanza, nkuko Trump yavyanditse.

Mu misi iheze, bimwe mu binyamakuru vyashikirije ko Esper yanditse urwete yisabira gutanga imihoho, mu gihe abandi bategetsi bavuze ko uwo mushikiranganji ata mugambi wo gutanga imihoho yari afise.

Imigenderanire hagati ya Trump na Esper yatanguye gutosekara kuva mu kwezi kwa gatandatu. Hari mu misi inyuma y’aho perezida avugiye ko ashobora kugomora ingabo kuburizamwo imigumuko yari itumbereye abaporisi bagirizwa ubwicanyi bufatiye ku kuvangura urukoba. Ico gihe umushikiranganji Esper yatangaje ku mugaragaro ko adashigikiye iyo ngingo.

Esper yabaye umushikiranganji wo kwivuna abansi kuva mu kwezi kw’indwi 2019.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG