Uko wahagera

USA: Abategetsi Ntibahuriza kw'Irungikwa ry'Abasirikare mu Mabarabara


Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika, Mark Esper
Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika, Mark Esper

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Mark Esper, yatangaje ku musi wa gatatu ko atari ashigigkiye ikoreshwa ry’inteko za Amerika mu gikorwa c’ukuhagarika imyiyerekano iriko iba mu bice bitandukanye vy’igihugu.

Yitandukanije na Prezida Trump aherutse kugabisha kurungika abasirikare mu mabarabara ya Amerika kugarukana umutekano.

Prezida Trump yagabishije gukoresha itegeko rijejwe kurwanya imigumuko ryemejwe n’inama nshingamateka mu mwaka w’i 1807 kugira arungike abasirikare mu bisagara bitandukanye vyo muri Amerika kurwanya abari mu myiyerekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG