Uko wahagera

Kameruni: Amashure mu Bice Vyiziziwe n'Abarobeli Yahebwe


A general view of the school following a shooting, in Kumba, Cameroon, Oct. 25, 2020.

Abategetsi muri Kameruni bavuga ko amashure mu bice birimwo abarwanya reta yari yarongeye kwugurura ubwa mbere mu myaka ine iheze yongeye guhebwa ku mvo z’umutekano. Abarwanyi barwanira kwiyonkora ni bo bagirizwa kwica abigisha bashika kuri batandatu n’abana indwi bakomeretse.

Amasanamu ya videwo yakwirakwijwe ku mbuga ngurukana bumenyi, yerekana abagabo indwi b’abarobeli bitwaje inkoho bariko bategeka abigisha kw’ishure ryisumbuye mu gisagara ca Limbe kwambura impuzu. Abigisha n’abanyeshure baboneka bariko baraboroga basaba imfashanyo, mu gihe abigisha baterwa ubwoba bagasabwa kwugara amashure no gutaha.

Abategetsi ba Kameruni baremeje ico gitero kw’ishure kuwa gatatu.

Abarobeli muri Kameruni mu gice kivugwamwo icongereza bari mu mirwano kuva mu 2017 baharanira ukwikukira kw’abavuga icongereza, bakitandukanya n’abavuga igifaransa bafise igitigiri kinini mu gihugu.

Mu kwezi guheze, amashure 140 yo mu bice birangwamwo intambara mu buraruko bushira uburengero no mu bumanuko bushira uburengero yarongeye kwugurura, inyuma y’imyaka ine yari yarugawe inyuma y’aho reta ivugiye ko utwo duce ducungerewe.

Ariko igisirikare cemeza ko mu ndwi zibiri ziheze, abarobeli bishe abigisha batandatu n’abana indwi, bongera banyuruza abigisha 23, baturira amashure atatu.

Abarobeli basavye ko amashure mu buraruko no mu bumanuko bushira uburengero aguma yugawe gushika reta ikuye abasirikare bayo muri ivyo bice abarobeli bita ivyabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG