Uko wahagera

Abanyakenya Banengwa Kutubahiriza Ingingo za COVID-19


Abanyakenya boyamiriza kugumizwa mu ngo
Abanyakenya boyamiriza kugumizwa mu ngo

Abategetsi muvyo amagara y’abantu muri Kenya bavuga ko abanyagihugu bananiwe gukurikiza amategeko yashizweho kugira ikiza ca Covid-19 ntigikwirakwire. Ivyo vyatumye abandura ku musi biyongera. Perezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta ubu ariko asubizaho ingingo nshasha kugira uwo mugera uhagarare gukwirakwira.

Mw’ijambo yashikirije igihugu kuri uyu wa gatatu, inyuma y’indwi zikurikirana abandura COVID-19 biyongera, Perezida Kenyatta yasavye abanyakenya kwubahiriza amabwiriza yafashwe.

Kenyatta yategetse abashikiranganji gukorera hamwe mu guhagarika amakoraniro y’abantu benshi no kwongereza amasaha yo guhagarika gutembera mw’ijoro gushika mu kwezi kwa mbere. Kenyatta yavuze ko ivyo bungutse mu mezi aheze vyose vyacitse ubusa.

Kw’itariki ya 27 y’ukwezi kw’icenda, abanduye muri Kenya bari bageze ku 38 000. Kuva Kenyatta atezuye ingingo zimwe zimwe zirimwo kwugurura ububare n’amariro, Kenya yaronse abantu 19 000 banduye mu misi 38.

Kenya imaze gushikana abashika 57 000 banduye COVID hamwe n’abarenga igihumbi bamaze gupfa kuva mu kwezi kwa gatatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG