Uko wahagera

Ubufaransa Bwarishe Intagondwa Zirenga 50 muri Mali


Abasirikare b'Ubufaransa Bariko Bambika bombe indege ya drone
Abasirikare b'Ubufaransa Bariko Bambika bombe indege ya drone

Reta y’Ubufaransa yavuze kuri uyu wa mbere ko abasirikare b’ico gihugu bishe intagondwa zirenga 50 zishamikiye ku muhari w’iterabwoba Al-Qaeda mu gitero c’indege cabaye hagati muri Mali.

Umushikiranganji w’Ubufaransa ajejwe kwivuna abansi, Florence Parly, yavuze ko ico gitero cabaye kuwa gatanu mu karere hafi y’urubibe na Burkina Faso na Nijeri aho abasirikare ba reta bahangayikishijwe no kurandurana n’imisi izo ntagondwa z’abayisilamu. Yabivuze ahejeje kubonana na reta mfatakibanza ya Mali. Yongeyeko ko amapikipiki ashika 30 y’abo barwanyi yasambuwe.

Parly, yabanje kandi kubonana na perezida wa Nijeri Mahamadou Issoufou hamwe na mugenzi we wo kwivuna abansi Issoufou Katambe imbere yo kuja i Bamako, yavuze ko ico gitero cakozwe inyuma y’aho indege ya drone iboneye igitigiri kinini c’amapikipiki kuri izo mbibe zitatu.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rifise abasirikare 13 000 muri Mali mu nteko zibungabunga amahoro n’umutekano, zizwi kw’izina rya MINUSMA, mu gihe Ubufasansa bwarungitse abasirikare 5 100 mu karere ka Sahel.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG