Uko wahagera

Perezida Evariste Ndayishimiye mu Rugendo muri Guinee Equatoriale


Perezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye.
Perezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye.

Prezida w'Uburundi Évariste Ndayishimiye ari mu rugendo rw'akazi rw'imisi itanu mu gihugu ca Guinee Equatoriale kuva kuri uyu wa mbere.

Yagiye aherekejwe n'umutambukanyi wiwe hamwe n'abashikiranganji batanu.

Imbere y'uko yurira indege, yabwiye itangazamakuru ko uru rugendo arukoze mu ntumbero yo gukomeza imigenderanire hagati y'ibi bihugu n'ukurabira hamwe aho imigambi vyumvikanye kurangurira hamwe igeze.

Iki gihugu kiri muvyaryamye ku Burundi mu kanama ka ONU kajejwe amahoro n'umutekano muri iyi imyaka itanu iheze ciyamiriza imibonano yo kwiga ku bibazo vy'ico gihugu co mu buseruko bwa Afurika n'ingingo cofatirwa.

Indege ireruye prezida Ndayishimiye, umutambukanyi wiwe Angeline Ndayubaha n’abandi bantu bagera kuri 19 yahagurutse ku kibuga c’indege mpuzamahanga c’i Bujumbura citiriwe Melchior Ndadaye isaha zitanu n’iminota 43 nk’uko amasoko y’Ijwi ry’Amerika yabitubwiye.

Imbere y’ukurira indege, prezida Evariste Ndayishimiye yabwiye abamenyeshamakuru bari bahari ko uru rugendo rukozwe mu ntumbero yo gukomeza imigenderanire hagati y’igihugu ciwe na Guinee Equatoriale yari isanzwe ari myiza haraheze imyaka myinshi.

Abashikiranganji batanu kuri 15 bagize Leta y’Uburundi ni bo baherekeje umukuru w’igihugu nk’uko uruhusha rw’akazi Ijwi ry’Amerika ryabonye ruvyerekana. Ni uw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, uwo kwivuna abansi, uw’uburimyi n’ubworozi, uw’ubudandaji hamwe n’uw’amagara y’abantu.

Igihugu ca Guinee Equatoriale ubu kiri mu bihugu bisasa nk’indorerezi mu kanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kuva mu kwezi kwa mbere 2018, kiri mu vyaryamye ku Burundi kuva mu 2015 aho ibihugu bitari bike vyari vyateye umugongo ico gihugu co mu buseruko bwa Afurika. Incuro zitari nke, iruhande y’Ubushinwa n’Uburusiya, ibindi bihugu pfampfe n’Uburundi, cariyamirije inama zatunganywa mu rwego rwo kwiga ku bibazo vy’Uburundi n’ibihano bwofatitrwa.

Kuva habaye ihirikwa ry’ubutegetsi ryaburijwemwo mu kwa gatanu 2015, ibaye incuro ya mbere prezida w’Uburundi amaze amasaha arenga 12 hanze y’igihugu.

Ku wa 19 ukwezi kw’icenda uyu mwaka, Evariste Ndayishimiye yarakoze urugendo rw’igice c’umusi muri Tanzaniya imbere y’ukwitahukira.

Mu mwaka w’i 2017 naho nyakwigendera Nkurunziza yagize urugendo rw’amasaha muri ico gihugu nyene yaherukamwo muri 2015 aho yasimba ihirikwa ry’ubutegetsi agataha, abagire bamukombore batawe muri yompi abandi barishwe. Nkurunziza yapfuye giturumbuka ku wa 8 ukwezi kwa gatandatu uyu mwaka yakunda kwishura abavuga ko adasohoka igihugu ko “ yatowe n’Abarundi atorerwa kubakorera atatorewe gukorera amahanga”

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG