Uko wahagera

COVID-19: Ubufaransa Bwasubiye muri "Guma mu Rugo"


Umugabo yambaye Agapfukamunwa i Paris mu Bufaransa aho amazu y'uburiro yugawe kubera COVID-19.
Umugabo yambaye Agapfukamunwa i Paris mu Bufaransa aho amazu y'uburiro yugawe kubera COVID-19.

Perezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron yaratangaje kuri uyu wa gatatu ingingo ya Guma mu Rugo gushika kw’italiki ya 1 ukwa cumi na kabiri. Ni mu cizere cuko ikiza ca Covid-19 gishobora guhagarikwa gukwirakwira inyuma y’aho ibitaro mu bufaransa vyongeye kurengerwa n’abanduye uwo mugera mu misi mike.

Perezida Macron yavuze ko uwo mugera uriko ukwirakwira mu Bufaransa ku muvuduko munini ibitari vyitezwe.

Yemeye ko ingingo zafashwe mu ndwi zibiri ziheze zo kubuza uruja n’uruzwa rw’abanyagihugu mw’ijoro i Paris no mu bindi bisagara bikomeye ataco zafashije mu guhagarika igice ca kabiri c’uwo mugera. Ni mu gihe Ubufaransa bugeze hafi ku bantu 35 000 bamaze kwandura.

Kuva ku musi wa kane mw’ijoro, ububare, amazu y’uburiro hamwe n’ubuzi butari ngombwa bizokwugarwa, ariko abanyeshure bazobandanya baja ku mashure.

Macron yarabonanye n’abashikiranganji begwa n’iki kiza muri iyi ndwi mu gihe abaganga babandanije bahanura ko gusubizaho Guma mu Rugo bishobora kugabanya umuvuduko w’abandura.

Ni mu gihe kandi ikigo ca Bulaya kijejwe gukinga no kurwanya ingwara kivuga ko uwo mugera ubandanya gukwirakwira kuri uyo mugabane. Ico kigo kivuga ko abantu hafi imiliyoni 6 n’ibihumbi 500 vy’abanyabulaya bamaze kuwandura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG