Uko wahagera

Perezida wa Alijeriya Yaranduye COVID-19


Perezida wa Alijeriya ni Abdelmadjid Tebboune.
Perezida wa Alijeriya ni Abdelmadjid Tebboune.

Prezida wa Alijeriya, Abdelmadjid Tebboune, ari mu bitaro vya gisirikare inyuma y’aho amenyekanye ko yanduye Covid-19. Prezida agiye mu bitaro mu gihe hasigaye imisi mike ngo igihugu gitungaye referandumu kw’itariki ya 1 ukwezi kwa cumi na kumwe, ishobora kuzomuha ububasha bukomeye.

Perezida Abdelmadjid Tebboune yinjiye ibitaro ku musi wa kabiri hamaze imisi havuzwe ko yanduye uwo mugera. Televiziyo ya Alijeriya yavuze ko atawogira ubwoba ku magara yiwe.

Umushikiranganji wa mbere, Abdelaziz Djerad, yatangaje iyo nkuru yuko prezida yagiye mu bitaro, ni we amaze igihe mu myiyamamazo mu gihugu asaba abanyagihugu ba Alijeriya kwemeza ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro.

Yavuze ko iryo bwirizwa shingiro rishasha ryo mu 2020 ritagamije kugumiza prezida ku butegetsi, ariko rizobamwo ingingo zo kurwanya ibiturire hamwe n’ababitanga.

Ibinyamakuru bitari bike mu Bufaransa no muri Alijeriya bivuga ko hari ukutumvikana hagati ya Prezida Tebboune hamwe n’igisirikare kw’itunganwa ry’iyo referandumu. Igisirikare ca Alijeriya caragize uruhara runini mw’ihanahana ry’ubutegetsi hagati mu 2019 hagati ya Tebboune n’uwahoze ari prezida Abdelaziz Bouteflika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG