Uko wahagera

Abanyesudani Ntibahuza ku Gusubirana Ubucuti na Isirayeli


Perezida Donald Trump ahejeje kuganira n'abategetsi ba Sudani na Isirayeli muri White House.
Perezida Donald Trump ahejeje kuganira n'abategetsi ba Sudani na Isirayeli muri White House.

Ingingo reta ya Sudani yafashe yo kunagura imigenderanire na Isirayeli yacanishijwemwo abanyesudani, aho bamwe babona ko ari uguhemukira igihugu abandi bakabibona nk’inzira yo gukiza ubutunzi bw'igihugu bugeze habi.

Ico gikorwa catangajwe na perezidanse ya Amerika ku musi wa gatanu, cabaye gato Perezida Donald Trump atangaje ko Amerika iriko irarangiza ibikorwa vyo gukura Sudani ku rutonde rw’ibihugu bifasha iterabwoba, ivyasubije inyuma cane ubutunzi.

Ariko iri tangazo ryacanishijemwo abanyeporitike muri Sudani, igihugu kikiri muri reta mfatakibanza yatanguye kuva mu kwezi kwa kane 2019, aho Omar al-Bashir yakurwa ku butegetsi.

Kuri bamwe muri Sudani, ibi ni inzira yo guhagarika ikumirwa ry’igihugu mu makungu. Abandi babibonye ko ari intambuko yo guhemukira igihugu ku kibazo c’abanyepalestina, kandi kirenze ivyo iyo reta mfatakibanza yemerewe gukora.

Umusesenguzi w’umunyesudani muvyaporitike, Othman Mirghani, yavuze ko icihutirwa kuri reta ya Sudani ni ugutabara ubutunzi bwasubiye hasi.

Amasezerano yo kunagura imigenderanire na Isirayeli ashobora gutuma Sudani iba igihugu kigira gatatu c’abarabu kiyasinye, inyuma ya Emirat z’Abarabu zunze ubumwe na Bahrain, kugira bisubirane imigenderanire na Isirayeli.

Sudani yabaye kimwe mu bihugu vy’Abarabu vyikumiye kuri Isirayeli.

Inyuma y’intambara y’imisi itandatu yo mu 1967, abakuru b’ibihugu vy’abarabu bahuriye i Khartoum muri Sudani batangaza ic bise “Kwanka amahoro, Kutemera no guhararika kuganira na Isirayeli.”

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG