Uko wahagera

Umunyedini Akomeye Yishwe n'Igisasu ca Bombe muri Siriya


Umukuru w’abayisilamu yatwara intara ya Damas muri Siriya, yishwe kuri uyu wa kane igihe bombe yari yatezwe mu modokari yiwe yaturika, mu gisagara ca Qudsaya, mu buraruko bushira uburengero bw’umurwa mukuru Damas.

Itororokanirizo ry’amakuru rya reta ya Siriya, SANA, ryavuze ko Adnan al-Afiyuni, wo mu bwoko bw’abasunite yari azwi ko yegereye cane Perezida Bashar al-Assad.

Ishirahamwe ryo muri Siriya rikurikirana ivy’agateka ka zina muntu mu ntambara, ryavuze ko uwo munyedini w’imyaka 66 yagize uruhara rukomeye mu guhuza abaroberi barwanira mu micungararo y’umurwa mukuru, mu ntambara yamaze imyaka icenda mu gihugu.

Nta n’umwe ariyitirira ico gutero kuri uwo munyedini canke ngo hamenyekane icatumye yicwa.

Ibisasu biturika vyari vyaragabanutse mu murwa mukuru Damas n’inyuma yawo kuva aho abasirikare ba reta ya Siriya birukaniye imihari ya nyuma y’abaroberi n’intagondwa mu micungararo yawo mu 2018.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG