Muri Mali, abakozi ba reta bashika ijana bahuriye ku murwa mukuru Bamako kuri uyu wa kane basaba irekurwa ry’abategetsi mu gihugu hagati bagizwe imbohe n’imirwi y’intagondwa zishimikije idini rya Kiyisilamu. Ni inyuma y’indwi imwe, umugiraneza w’umufaransa hamwe n’abataliyano babiri bari baranyurujwe babohowe.
Abo banyagihugu bari bafise inzandiko ziyamiriza irekurwa ry’abanyamahanga ariko bagasiga abenegihugu. Bafatanije n’umushikiranganji wa mbere barungitse urwandiko rusaba irekurwa ry’abategetsi umunani banyurujwe kuva mu 2018.
Abategetsi hafi 10 mu gihugu hagati bamaze umwaka banyurujwe.
Umugiraneza w’umufaransa, Sophie Petronin, yarekuwe mu ndwi iheze inyuma yo kumara imyaka ine anjurujwe n’intagondwa z’abayisilamu mu buraruko bwa Mali.
Reta mfatakibanza i Bamako yararekuye imbohe 200 kugira abo banyamahanga hamwe n’umunyapolitike atavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Mali, Soumaila Cisse barekurwe.
Igihugu ca Mali gihanganye n’imihari y’intagondwa yatanguye guhungabanya uburaruko bwa Mali mu 2012, mu nyuma izo ntambara zitandukira hagati mu gihugu hamwe no mu bihugu bibanyi vya Burkina Faso na Nijeri.
Abantu 23 barishwe hagati muri Mali mu rukurikirane rw’ibitero ku musi wa kabiri, mu mutego wahitanye abatari bake kuva igisirikare gifashe ubutegetsi mu kwezi kwa munani.
Facebook Forum