Uko wahagera

Abanyamerika 2 Bari Bapfungiwe muri Yemeni Batahutse


Abanyamerika babiri bari baragizwe imbohe muri Yemeni barekuwe kuri uyu wa gatatu, mu gihe abashigikiye abarobeli b’abahuti barenga 200 nabo bahawe uburenganzira bwo gusubira mu miryango yabo.

Perezidansi ya Amerika, White House, yatangaje irekurwa ry’abo banyamerika babiri, Sandra Loli na Mikael Gidada, ivuga ko abo babiri bari baragizwe imbohe n’abarobeli b’abahuti bagenzura igice kinini ca Yemeni hamwe n’umurwa mukuru Sanaa.

Abo barobeli barungitse kandi ibisigarira vy’umunyamerika agira gatatu, Bilal Fateen, nkuko perezidansi yabivuze, ariko ntiyasobanuye uburyo yapfuyemwo.

Robert O'Brien, umuhanuzi muvy’umutekano mu gihugu yavuze ko ashimiye umwami wa Arabiya Sawudite Salman n’uwa Omani, Haitham bin Tarik Al-Said, mu twigoro bagize kugira abo banyamerika barekurwe.

O’Brien yavuze ko Perezida Donald Trump abandanya gushira imbere irekurwa n’itahukanwa ry’abanyamerika bafungiwe mu mahanga.

Nta vyinshi vyari bizwi kuri abo banyamerika bari babohewe muri Yemeni gushika hatangajwe ko barekuwe.

Ikinyamakuru candikira muri Amerika, The Wall Street Journal, ku makuru kivuga ko cahawe n’umutegetsi wo mu biro kwa perezida, cavuze ko Loli yari umukozi mw’ishirahamwe ry’abagiraneza, yari amaze imyaka itatu apfunzwe mu gihe Gidada yari umugwizatunga yari amaze umwaka apfunzwe.

Abakuru b’abahuti bamye bavuga ko bafunze abagiraneza b’abanyamahanga, babagiriza gusuma urusaku no kunyuruza zimwe mu mfashanyo zarungikwa mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG