Umushikiranganji w’indero muri Kenya yavuze kuri uyu wa kabiri ko amashure amwe amwe ashobora kwongera gutangura kwugurura muri iyi ndwi, inyuma y’aho aheruka kuvuga ko uyu mwaka wabaye impfagusa kubera ikiza ca Covid-19.
Kenya yugaye amashure mu kwezi kwa gatatu, inyuma y’aho hafatiwe ingingo zo kurwanya ikwirakwira ry’umugera wa corona, zirimwo kubuza abanyagihugu kugenda ijoro, no kwugara amazu y’uburiro n’ubunywero.
Izi ngingo zagiye ziratezurwa uko abandura bagiye baragabanuka. Perezida Uhuru Kenyatta mu ndwi iheze yaremereye ububare n’amazu y’uburiro kwugurura no kugurisha inzoga.
Umushikiranganji w’indero, George Magoha yavuze ko abanyeshure bose bazotegekwa kwambara udupfukamunwa, mu gihe amashure azosabwa kwama asuzuma ibipimo vy’ubushuhe ku banyeshure n’abakozi.
Mu kiringo c’indwi zitari nke, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Kenya bwaronse abantu bashasha bandura bari hagati ya 50 n’250 ku munsi, mu gihe mu kwezi kw’indwi begereza 900.
Kenya gushika ubu muri rusangi imaze kuronka abanduye barenga 39 580 hamwe n’743 bamaze gupfa.
Facebook Forum