Uko wahagera

Amahane kw'Itora ry'Umukuru wa Komisiyo y'Ubumwe bwa Afrika


Umukuru wa komisiyo y'umuryango w'ubumwe bwa Afrika, Moussa Faki Mahamat.
Umukuru wa komisiyo y'umuryango w'ubumwe bwa Afrika, Moussa Faki Mahamat.

Mu gihe isi ihanze amaso kumatora y’umukuru w’igihugu muri Amerika, hari ikindi kibanza gikomeye kiriko gitera amahane ku mugabane wa Afrika. Umunyepolitike yamuka muri Chadi, Moussa Faki Mahamat, arongoye Komisiyo y’Umuryango w’Ubumwe bw’Afrika, ariko arondera kwongera kwitoreza iyindi manda ku burongozi bw’uwo muryango.

Uwo mutegetsi asa n’uwutagira abo bazohiganwa muri ico kibanza c’umudiplomate akomeye wa Afrika. Abamunegura bariko baragira urunani kugira babashe kugondoza ko iryo tora ryigizwayo amezi atandatu kugira haboneke abandi bakandida bazohangana nawe.

Abamunegura bavuga ko gutegura iryo tora bitariko vyisunga demokarasi, bagasaba ko ikiringo co kugena abazohiganirwa ico kibanza cokwongerezwa gushika mu kwezi kwa cumi na kumwe.

Ababikurikiranira hafi bo mu bihugu 55 bigize umuryango w’ubumwe bwa Afrika bavuga ko Faki Mahamat yananiwe guserukira ivyo umugabane w’abantu umuriyaridi n’ibihumbi amajana atatu bakeneye.

Bavuga kandi ko umupfasoni yamuka muri Zimbabwe, Arikana Chihombori-Quao, yahoze aserukira uwo muryango muri Reta zunze ubumwe z’Amerika yakumiriwe mu kwitoza, inyuma y’aho akuriwe muri ayo mabanga mu mwaka uheze. Barongerako ko umuryango w’Ubumwe bwa Afrika wamye ugira kumabwire y’Ubufaransa bwahoze bukoloniza ibihugu bimwe bimwe vya Afrika.

Kuva mu 2002, bane kuri batanu barongoye iyo komisiyo bavuye mu bihugu bivuga ururimi rw’igifaransa.
Abakuru b’ibihugu bigize uwo muryango ntibarabasha guhurira hamwe amaso mu yandi kubera ikiza ca Covid 19. Urwandiko rusaba kwigizayo iryo tora rumaze gusinywako n’abashika 16 000. Mu gihe rwohabwa inguvu zikwiye, iryo tora ryoca ritunganywa mu ntango za 2021.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG