Uko wahagera

ONU Yagiriza Reta ya Maduro Guhohotera Ikiremwa Muntu


Perezida wa Venezuela, Nicholas Maduro
Perezida wa Venezuela, Nicholas Maduro

Abakora amatohoza b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bagirije kuri uyu wa gatatu reta ya perezida wa Venezuela, Nicolas Maduro, ko yakoze ivyaha bihohotera kiremwa muntu birimwo ubwicanyi, kuberoza igufa hamwe n’ayandi mabi.

Abakora amatohoza bigenga bahawe uwo murimo n’akanama ka ONU kajejwe agateka ka muntu, bavuze muri raporo yabo ko ari ivyemeza bigaragara vyerekana ko Maduro n’abashikiranganji biwe bo kwivuna abansi n’intwaro mu gihugu hagati bari bazi ivyaha vyakozwe n’abajejwe umutekano hamwe n’ibisata vy’iperereza.

Mu twigoro two gucecekesha abatavuga rumwe n’ubutegetsi, iyo raporo ivuga ko bakoze ivyaha birimwo ubwicanyi ndengera butungane, kunyuruza abantu, gufunga abantu hatubahirije amategeko hamwe no kuboreza igufa. Iyo raporo ivuga ko abategetsi bakuru ba Venezuela bari bafise ububasha bwo gutegeka abajejwe umutekano n’iperereza, bituma abo bategetsi bagirizwa kubigiramwo uruhara.

Reta ya Maduro ntiyashotse igira ico ivuze kuri iyi raporo.

Iyi raporo isa n’iyigiye gutuma amakungu arushiriza gukurikiranira hafi reta ya Maduro, irongoye igihugu casubiye inyumwa mu butunzi, ugutwaza igikenye hamwe n’abanyagihugu amamiliyoni bagihunga baja mu bihugu bibanyi.

Reta ya Maduro irasagirijwe na Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’ibindi bihugu vyemera umunyaporitike Juan Guaido nka perezida yemewe.

Maduro yamye avuga ko ari umugambi wo kumukura ku butegetsi kugira Amerika ibashe kuvoma amariba y’ibitoro Venezuela itunze

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG