Uko wahagera

Libiya: Umushikiranganji wa Mbere wa Reta yo mu Buseruko Yatanze Imihoho


abanywanyi ba jenerali Khalifa Haftar mu myiyerekano i Benghazi, mu buseruko bwa Libiya.
abanywanyi ba jenerali Khalifa Haftar mu myiyerekano i Benghazi, mu buseruko bwa Libiya.

Umushikiranganji wa mbere wa reta mfatakibanza ya Libiya ikorera mu buseruko yahisemwo gutanga imihoho inyuma y’imyiyerekano ibera mu bisagara vyo mu buseruko. Iyo myiyerekano yabayemwo n’igitero ku cicaro c’umugaba w’ingabo, Jenerali Khalifa Haftar cabaye mu mpera z’indwi irangiye.

Umuvugizi w’umushikiranganji wa mbere wa reta yo mu buseruko, yavuze ko Abdullah al-Thinni yatanze urwete rwo gutanga imihoho ku mukuru w’inama nshingamateka, Aguilah Saleh.

Iri tanga imihoho rije inyuma y’imyiyerekano y’urutavanako yabereye i Benghazi no mu bindi bisagara vyo mu buseruko, kubw’ubuzima bwo kubaho bubandanya kuba nabi mu banyagihugu, harimwo n’ibura ry’umuyagankuba, amazi hamwe n’ibintu vya nkenerwa mu buzima.

Umurwi wa ONU muri Libiya warashikirije amakenga ku musi w’Imana ku maraporo y’umusivile yishwe hamwe na batatu bakomeretse, n’abatazwi igitigiri bahagaritswe inyuma y’aho abasirikare ba reta yo mu buseruko bakoreshereje inguvu mu guhagarika imyiyerekano.

Ku rundi ruhande, imyiyerekano yiyamiriza reta y’i Tripoli ishigikiwe na ONU yavuye mu mwumvikano yakomerekeyemwo abatari bake mu ntango z’uku kwezi inyuma y’aho abasirikare babarungitsemwo amasasu.

Libiya yigabuyemwo reta zibiri kuva mu mwaka wa 2015.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG