Uko wahagera

USA: Imiriro muri Reta ya Californiya Imaze Kwica Abashika Batatu


Muri Reta zunze ubumwe za Amerika, imiriro yo mw’ishamba yabandanije gutongora uburengero bwa reta ya California kuri uyu wa kane, aho abantu bashika kuri batatu bamaze kuhasiga ubuzima, n’amazu aharurwa mu majana amaze gusamburwa.

Iyo miriro yatewe n’imiyaga myinshi hamwe n’ubushuhe burenze urugero, imaze gutongora amahegitari arenga umuliyoni umwe muri California, arenga ayahiye mu mwaka uheze.

Abategetsi bavuze ko amazu aharurwa mu majana canke ibihumbi amaze kwononekara canke yasambuwe n’iyo miriro mu burengero bw’iyo reta, mu karere kari mu misozi yo mu buraruko bwa Sierra Nevada. Bavuze ko abanyagihugu 2000 bo mu makomine ya Butte, Plumas na Yuba bategetswe kuhava vyihuta.

Iyindi miriro ku rubibe ku ruhande rw’amareta ya California na Oregon imaze guhitana umuntu umwe n’amazu 150 yahiye.

Imiriro kandi irabandanya guturira imicungararo y'igisagara ca Los Angeles kiri mu bumanuko bwa California hamwe no mu makomine yo mu bumanuko ya San Bernardino na San Diego. Inyuma yo kwugara amashamba y’amaratiro umunani mu bumanuko bwa California mu ntango z’iyi ndwi, abajejwe kugendereza ibihe muri Amerika ku musi wa gatatu barafashe ingingo yo kwugara amashamba yose 18 y’iratiro yo muri iyo reta.

Ivyigwa bitari bike vyerekanye ko imiriro muri Amerika itegwa n’ubushuhe burenze buhanze isi yose buva mw’iturirwa ry’ibizuku, ibitoro hamwe na gaze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG