Uko wahagera

USA: Indege Zaratabaye Abarenga 200 mu Miriro muri Californiya


Muri Reta zunze ubumwe za Amerika, abantu barenga 200 baratabawe hakoreshejwe indege, inyuma yo gukikuzwa n’umuriro mw’ishamba cimeza muri Californiya ahitwa Sierra. Abajejwe ibikorwa vyo gutabara bavuze ko ivyo bikorwa vyatanguye ku musi wa gatandatu bibandanya no mw’ijoro. Abantu bashika kuri babiri barakomeretse cane abandi cumi barenga bakomereka ibigereranye.

Iyo miriro yo mw’ishamba yatanguye ku musi wa gatanu kubandanya no ku muhingamo wo kuwa gatandatu, itongora akarere kangana na kilometero kwadrato 145. Inyubakwa hafi 2 000 zari zigeramiwe muri ako karere kari hafi y’ibilometero 476 mu buraruko bwa Los Angeles.

Imiriro 900 niyo imaze kwaduka muri Californiya kuva kw’italiki ya 15 z’ukwezi kwa munani, aho uburinganire bw’ibilometero kwadrato bimaze gusha hamwe n’amazu hafi 3 300 yasambutse.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG