Uko wahagera

USA: Kandida Joe Biden Yagendeye Igisagara ca Kenosha


Joe Biden agishika ku kibuga c'indege c'i Milwaukee muri Wisconsin, kw'italiki 03/09/2020.
Joe Biden agishika ku kibuga c'indege c'i Milwaukee muri Wisconsin, kw'italiki 03/09/2020.

Muri Reta zunze ubumwe za Amerika, kandida w’umudemokrate mu matora ya perezida, Joe Biden yakoze urugendo kuri uyu wa kane mu gisagara ca Kenosha, muri reta ya Wisconsin, kuganira n’abanyagihugu inyuma y’imyiyerekano yadutse inyuma y’aho umuporisi arashe umugabo w’umwirabure.

Abajejwe imyimamazo ya Biden bavuze ko intumbero y’ivyo biganiro muri ico gisagara kibamwo abantu 100 000 ari ugusubiza hamwe abanyamerika mu kubakiza ko gutorera umuti ibibazo bihari.

Urugendo rwa Biden ruje inyuma y’imisi ibiri Perezida Donald Trump agendeye Kenosha kandi atembereye mu mabarabara, ahari amazu yabomowe mu myiyerekano yakurikiye iraswa rya Jacob Blake.

Biden yaganiriye n’umuryango wa Blake muri uru rugendo kuri uyu wa kane. Trump ntiyabonanye nabo igihe yagendera ico gisagara, ariko yaraganiriye n’umupasitori yabwiriza ubutumwa umuryango wa Blake.

Urugendo rwa Biden rwerekana ingene we na Perezida Trump bariko bararondera kwikwegerako abanywanyi muri ibi bihe vya politike. Bitwaza ibibazo vy’amacakubira y’amoko hamwe n’inyifato y’igiporisi ku nkehwa. Iki kibazo cavyutse igihe umugabo w’umwirabure, George Floyd, apfira mu minwe y’igiporisi mu kwezi kwa gatanu, mu gisagara ca Minneapolis, muri reta ya Minnesota, bica bivyara imyiyerekano ku mpande nka zose za Amerika kuri urwo rupfu hamwe n’izindi mpfu zisa n’izo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG