Uko wahagera

USA: Amaraso y'Abakize COVID-19 Azokoreshwa mu Kuvura Abandi


Perezida Donald Trump mu kiganiro n'abanyamakuru i Washington.
Perezida Donald Trump mu kiganiro n'abanyamakuru i Washington.

Abategetsi muri Reta zunze ubumwe za Amerika batangaje kuri uyu w’Imana ko hemejwe vyihuta amaraso y’abakize umugera wa corona nk’umuti mushasha wo kuvura uwo mugera umaze kwica abarenga 176 000 muri Amerika.

Ikigo c’igihugu kijejwe kugenzura no kwemeza imiti n’ibifungurwa, FDA, cemeje iyo ngingo mu gihe Perezida Donald Trump aremerewe n’abanyamerika bamwidogera ko yananiwe guhagarika ikwirakwira ryawo.

Ikigo FDA cemeza ko ubwo buvuzi bushobora kurwanya uwo mugera ningoga no gufasha umurwayi ntasinzikare.

Mu gihe hari abarwayi muri Reta zunze ubumwe z’Amerika no mu bindi bihugu bamaze kuvuzwa ubwo buryo, abahinga bavuga ko bikwiye kwitonderwa kuko bishobora gutera izindi ngaruka ku magara.

Ikinyamakuru The Washington Post candikira muri Amerika, cavuze ko abarwayi barenga 70 000 muri Amerika bamaze guterwa ayo maraso.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG