Uko wahagera

RDC Yuguruye Imbibe zo mu Kirere


Republika ya demokarasi ya Congo kuva kuri uyu wa mbere uza izokwongera kwugurura imipaka yo mu kirere yari yarapfunzwe mu kwezi kwa gatatu birinda ikwirakwira ry’umugera wa corona.

Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru, Thierry Moungalla, yabitangaje kuri uyu wa kane kandi avuga ko imipaka yo ku butaka, mu nzuzi no mw’ibahari izoguma yugaye kiretse ku makamyo atwara ibidandazwa.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire bwa Congo, bwasavye abakozi babwo muri ambasade na Konsila za Congo mu bice bitandukanye kw’isi gusubira ku buzi bwabo kuva kuwa mbere.

Republika ya demokarasi ya Kongo imaze kuronka abanduye COVID-19 barenga 3 800 hamwe na 77 bamaze gupfa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG