Uko wahagera

Sudani: Basaba Reta Kwihuta Gushitsa Ivyo Yabemereye


Abanyesudani mu myiyerekano ku murwa mukuru Khartoum, kw'italiki 17/08/2020.
Abanyesudani mu myiyerekano ku murwa mukuru Khartoum, kw'italiki 17/08/2020.

Abanyagihugu ku murwa mukuru Khartoum muri Sudani barakoze imyiyerekano kuri uyu wa mbere basaba ubutungane n’amahoro, mu gihe harangiye umwaka hashinzwe reta mfatakibanza yakurikiye ikurwa rya Omar al-Bashir.

Amasinzi y’abanyagihugu baraturiye amapine, imbere y’uko igiporisi kiza kubatesha mu kubateramwo ivyuka bikoroza amosozi.

Bagiye guturura ar’uko umuhanuzi w’umushikiranganji wa mbere, Abdallah Hamdok, ashitse bakamushikiriza ibaruwa risaba reta kwihutisha ivyo bipfuza ko bihindurwa mu gihugu. Bavuga ko umwaka urangiye reta itarashitsa ivyo yabemereye.

Abakoze iyo myiyerekano basaba ubutungane kubishwe mu bihe vy’imyiyerekano yiyamiriza Bashir n’intwaro yiwe ya gisirikare.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG