Uko wahagera

Ubushinwa Bwarafatiye Ibihano Abasenateri b'Amerika


Perezida w'Ubushinwa
Perezida w'Ubushinwa

Ubushinwa bwarafatiye ku wa mbere ibihano abashingamateka 11 ba Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’abakuru b’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike.

Ibi bihano kubaye ukwihora ibihano Amerika yafashe mu misi itatu iheze ku mutegetsi akomeye wa Hong Kong, Carrie Lam hamwe n’abandi bategetsi 10 bo muri reta y’iyo ntara Ubushinwa bwita iyabwo.

Abo banyepolitike bahanwe barimwo abasenateri b’abamurepublikani, Ted Cruz na Marco Rubio, hamwe n’abandi barepublikani bane. Ariko Ubushinwa ntawe bwahanye muri reta ya Trump. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Ubushinwa bw’imigenderanire, Zhao Lijian, avuga ko abo bashingamateka bagize uruhara mu bihano vyafashwe vyerekeye Hong Kong.

Zhao ntiyavuze ibihano bafatiwe, ariko Senateri Rubio, Cruz na Chris Smith mu kwezi guheze barahamwe n’Ubushinwa ku bihano babufatiye bijanye n’uko Ubushinwa bufata inkehwa zo mu bwoko b’aba Uighur. Ico gihe abo basenateri bimwe uburenganzira bwo kuja mu Bushinwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG