Uko wahagera

Ibihugu vy’Abarabu Biriko Birarungikira Imfashanyo Libani


Ibihugu vy’abarabu biriko birarungika imfashanyo muri Libani. Ni imfashanyo igizwe n'ibifungurwa, amafaranga n’imiti. Ivyo bihugu birimwo, Yordaniya, Arabiya Sawudite, Emirat zunze ubumwe z'Abarabu hamwe n’ibindi.

Vyarungitse amatoni n’amatoni y’ibifungurwa n’imiti mu ntumbero y’ugufasha abanyalibani basinzikajwe bikomeye n’iturika ry’ikinyabutabire, ammonium nitrate, gikoreshwa cane mu vy'uburimyi nk'igitabizo kiva mw’ihinguriro ryahitanye abantu batari bake, abandi ibuhumbi n’ibihumbi barabura aho bakika umusaya.

Iraki yarungikiye Libani ilitiro 800 000 y’ibitoro y’ugufasha kuronsa abanyagihugu umuyangankuba. Qatar yatereye imiliyoni 50 y’amadolari ku miliyoni 297 yemewe gutangwa n’amakungu. Ivyo bihugu vy’abarabu vyahisemwo guha iyo mfashanyo abanyagihugu muri Libani bidaciye ku bategetsi b’ico gihugu.

Abakwirikirana ibintu bavuga ko ivyvo bishobora kugeramira ukwizigirwa kw’abo bategetsi mu maso y’abanyagihugu. Batangaza ko bishobora gutera intambara muri ico gihugu canke bigatuma cicamwo ibice.

Abagize Reta ya Libani baratanze imihoho inyuma y’impanuka yo mu ndwi iheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG