Uko wahagera

Reta ya Libani Yahisemwo Gutanga Imihoho


Umushikiranganji wa mbere wa Libani, Hassan Diab
Umushikiranganji wa mbere wa Libani, Hassan Diab

Reta ya Libani yahisemwo gutanga imihoho, inyuma y’aho ifumbire ya “nitrate ya ammonium” iturikiye mu bubiko ku kivuko c’i Beirut kuri ruswa n'ugukora nabi kw'abanyapolitike ku musi wa kabiri.

Umushikiranganji wa mbere Hassan Diab, mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo y’igihugu ku mugoroba wo kuri uyu wa mbere, yagize ati: “Imana ikingire Libani”. Yavuze ko akuyemwo akarenge kugira yifatanye n’abanyagihugu kurwanira ihinduka mu gihugu. Ariko ntiyavuze igihe ayandi matora azotunganirizwa.

Yashize ingorane zihanze igihugu ku kagwi k’abanyepolitike katwaye Libani hafi imyaka 30. Yavuze ko ari bo batumye igihugu kija mu bibazo vy’ubutunzi n’ivya politike, kandi ko ari vyo vyatumye igihugu kigwa mu kaga kabaye mu ndwi iheze.

Iyi ngingo yabo ikurikiye itanga ry’imihoho ry’abashikiranganji hamwe n’abashingamateka, ariko abanyagihugu babandanije basaba ko reta yose yokinjura, mu myiyerekano yabaye ku musi ya gatandatu no kuw’Imana.

Abategetsi b’igihugu muri Libani bamye bagirizwa ibiturire hamwe no kudashobora gutunganya neza igihugu, ari navyo vyatumye haba ivyabaye ku musi wa kabiri.

Abantu bashika 160 barishwe, abandi baharurwa mu bihumbi barakomereka, abarenga ibihumbi 250 000 gushika ubu ntibagira aho bakika umusaya.

Abanyalibani bashavuye kubera ifumbire ya “nitrate ya ammonium” yaturikiye mu bubiko kuci bise “ruswa n'ugukora nabi kw'abanyapolitike”.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG