Uko wahagera

Bombe Yahitanye Abarenga 100 i Beyrouth muri Libani


Umwotsi ucumba aho ikintu cyaturikiye mu murwa mukuru wa Libani Beyrouth.
Umwotsi ucumba aho ikintu cyaturikiye mu murwa mukuru wa Libani Beyrouth.

Abantu bagera ku 300 000 ntibagira aho bakika umusaya muri Libani inyuma yuko ikintu caturutse nka bombe ikomeye gihitanye congera gikomeretsa abantu batari bake ku murwa mukuru, Beyrouth.

Prezida w’igihugu ca Libani, Michel Aoun, yahamagaje inama yihutirwa ya reta uno musi ku wa gatatu. Yamenyesheje ko hatangazwa igihe kidasanzwe c’indwi 2. Ni inyuma y’uko ikintu ca bombe ikomeye giturikiye ku murwa mukuru, Beyrouth kigahitana abantu bagera kw’ijana abandi 4000 bagakomereka.

Ico kintu, caturitse ku musi wa kabiri ,carumvikanye mu bice vyose vy’umurwa mukuru, aho ibintu bitari bike vyarononekaye gushika no ku nkengera zawo.

Abategetsi biteze ko igitigiri c’abahasize ubuzima ciyongera kurushiriza mu gihe abakozi bajejwe gutabara vyihuta bariko barondera aboba barokotse mu bisigarira vy’inyubakwa zasenyutse, kugira babahe ibifungurwa, amazi n’aho bakika umusaya. Umukuru w’umurwa mukuru, Marwan Abboud, yatangaje ko abantu bagera ku 300 000 batakaje amazu yabo.

Icatumye ico kintu kimeze nka bombe giturika nticamenyekanye buno nyene. Abategetsi bibaza ko bifitaniye isano n’amatoni 2750 ya nitrate ya ammonium yabitswe mu kigangara kiri ku kivuko co ku murwa mukuru mu kiringo c’imyaka 6.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG