Uko wahagera

USA Yashikanye Imiliyoni Zitanu z'Abanduye COVID-19


Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu w’Imana yashikanye igitigiri c’abantu imiliyoni zitanu bamaze kwandura umugera wa corona.

Amerika kandi imaze kubura abantu barenga 162 000 bamaze guhitanwa na COVID-19, bituma kiba igihugu ca mbere kw’isi kimaze gutakaza abantu benshi kubw’uwo mugera. Brezil iza ku mwanya wa kabiri aho abapfuye barenga 100,000.

Ibi ni mu gihe i Washington, abanyepolitike bananiranywe kwumvikana ku nteguro y’amafaranga, mu gihe yokwemezwa n’impande zose yofasha igihugu n’abanyagihugu babangamiwe n’ingaruka z’uwo mugera.

Kw’isi nzima abamaze gupfa barenga 727,280 kuva uwo mugera ugitangura kuboneka mu Bushinwa mu kwezi kwa cumi na kabiri umwaka uheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG