Uko wahagera

Gambiya: Abashikiranganji Batatu Baranduye COVID-19


Perezida wa Gambia, Adama Barrow ashikiriza ijambo mu nama igira 73 mpuzamakungu ya ONU, i New York, kw'itariki 25/09/2018
Perezida wa Gambia, Adama Barrow ashikiriza ijambo mu nama igira 73 mpuzamakungu ya ONU, i New York, kw'itariki 25/09/2018

Reta ya Gambiya yavuze ko abashikiranganji bayo batatu bapimwe basanga baranduye umugera wa corona.

Ibiro vya perezida vyashikirije kuri uyu w’Imana ko abo bashikiranganji ari uw’ikigega ca reta, Mambureh Njie, uw’ibitoro n’amasoko ntanganguvu, Fafa Sanyang, hamwe n’uwo uburimyi, Amie Fabureh.

Perezida wa Gambiya, Adama Barrow, yatangaje mu ndwi iheze ko ategekanya kwikumira mu kibanza ca wenyene inyuma y’aho icegera ciwe, Asatru Touray, basanze yaranduye COVID-19.

Imbibe za Gambiya zo mu kirere no ku butaka zugawe kuva mu kwezi kwa gatatu.

Kaminuza Johns Hopkins yo muri Reta zunze ubumwe za Amerika ishikiriza ko Gambiya, igihugu gifise abantu hafi imiliyoni zibiri, kimaze kuronka abantu 490 banduye uwo mugera, barimwo icenda wahitanye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG