Uko wahagera

Trump: Itegeko Rigabanya Guha Abanyamahanga Ubuzi bwa Reta


Perezida Donald Trump ahejeje gutera umukono kw'itegeko rigabanya guha akazi abanyamahanga mu buzi bwa reta, White House,kw'itariki 3/08/2020
Perezida Donald Trump ahejeje gutera umukono kw'itegeko rigabanya guha akazi abanyamahanga mu buzi bwa reta, White House,kw'itariki 3/08/2020

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump kuri uyu wa mbere yateye umukono kw’itegeko risaba ibigo vyegukira reta y’Amerika kwerekana ko bitariko biha ubuzi abanyamahanga aho kubuha abanyamerika bafise ubumenyi bukwiye.

Perezidanse ya Amerika yavuze ko iryo tegeko rizofasha ibigo vyegukira reta guha akazi abanyamerika aho kugaha abanyamahanga bahembwa amafaranga make.

Iryo tegeko rije mu gihe hari abamenyeshamakuru b’abanyamahanga bakorera Ijwi ry’Amerika, ryegukira reta y’Amerika bakirindiriye nimba visa zabo zo gukorera muri Amerika zongerwa ikindi kiringo canke ntizongerwe.

Trump yagabishije kandi guhagarika mu kazi abategetsi ba reta bizogaragara ko baha ubuzi bwa reta abanyamahanga benshi kuruta abanyamerika.

Ijwi ry’Amerika rikoresha abanyamahanga 76 bari muri Amerika kuri Visa J-1 ihabwa abanyamahanga bafise ubumenyi bwo gukorera muri Amerika.

Abinjira muri Amerika n’ubwo bwoko bwa visa za J-1 bari mu murwi w’abo reta ya Trump yabaye irahagarika kwinjira mu gihugu kubera iki kiza c’umugera wa corona. Reta ya Amerika yisiguye ivuga ko abakozi b’abanyamahanga badakwiye guhabwa ubuzi bwokorwa n’abanyamerika muri iki kiringo ubutunzi bwasubiye hasi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG