Uko wahagera

Burundi: Inama Nkenguzamateka Isabwa Kugabura Komine Buhayira na Murwi muri Cibitoke


Burundi
Burundi

Gushinga urubibe rugabura ikomine nshasha ya Buhayira na komine Murwi mu ntara ya Cibitoke, ni imwe mu nteguro z’amategeko 12 zirindiriye inama nkenguzamateka y’Uburundi nshasha. Umukuru w’inama nkenguzamateka irangije ikiringo yabitangaje kuri uno wa mbere ariko yugurura ibikorwa vya kuno kwezi kwa munani ku murwa mukuru wa politike i Gitega.

Ariko yugurura ibikorwa bisanzwe vya nyuma vy’inama nkenguzamateka yahahora, umukuru wayo Reverien Ndikuriyo yashimiye bagenzi biwe basangiye urugendo kuva muri 2015.

Muri urwo rugendo umukuru w’inama nkenguzamateka ikorerwa mu ngata, kuri uyu wa kabiri, n’inama nkenguzamateka nshasha yagarutse kandi ku biringo bidasanzwe igihugu caciyemwo kuva mu mwaka wa 2015. Ndikuriyo agaruka ku ngendo urwego yahora arongoye rwakoze mu makomine yose y’igihugu mu ntumbero yo kugarukana ituze.

Uwo yahoze ari umukuru w’inama nkenguzamateka iriko irangiza ikiringo cayo atangaza ko igihugu gitekanye muri kino gihe. Ndikuriyo avuga ko ivyo babikesha abarundi batahuye ubutumwa bw’amahoro bahawe.

Muri iryo sasa rya nyuma, inama nkenguzamateka igiye kurangiza ikiringo yasigiye integuro z’amategeko cumi na zibiri iyizoyisubirira, nk’uko zishikirizwa na Ndikuriyo.

Hari nk’iyijanye no gushinga imbibe zigabura komine Murwi y’intara ya Cibitoke iri mu buraruko bushira uburengero bw’Uburundi n’ikomine nshasha ya Buhayira iri mu burengero bushira ubumanuko bw’iyo ntara nyene. Hari kandi integuro y’ibwirizwa rijanye n’itegeko rigenga akazi mu Burundi, integuro y’ibwirizwa rigenga urudandazwa rw’igitoro mu Burundi, integuro y’ibwirizwa iraba ivyo kwinjira k’Uburundi mu masezerano yo mu mwaka w’1954 araba ivyo abatagira ubwenegihugu.

Ni kandi n’integuro y’ibwirizwa rijanye n’uko Leta y’Uburundi itera igikumu ku masezerano yo gushinga igisirikare c’integabizoza c’umuryango wa Afrika y’ubuseruko, hamwe n’integuro y’ibwirizwa rishasha rijanye n’itunganywa rishasha ry’amashure ya kaminuza.

Reverien Ndikuriyo yahora arongoye inama nkenguzamateka buca isezererwa ari mu bongerewe amahirwe yo kuguma muri uwo rwego. Ari muri babiri batowe mu ntara ya Makamba iri mu bumanuko bw’Uburundi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG