Uko wahagera

USA: COVID-19 Yatandukiriye Hanze y'Ibisagara


-CORONAVIRUS-USA

Reta zunze ubumwe za Amerika yinjiye mu bihe bidasanzwe aho umugera wa corona watanguye gukwirakwira no mu bice vyo mu gihugu hagati hanze y’ibisagara.

Dr. Deborah Birx, wo mu mugwi wagenwe na White House gukurikirana ivy’ico kiza, kuri uyu w’Imana yahamagariye abanyamerika bo mu gihugu hagati kwambara udupfukamunwa no kwirinda amakoraniro y’abantu benshi.

Umugera wa corona watanguriye mu Bushinwa umaze kwandukira abantu barenga imiliyoni 4 n’ibihumbi amajana atandatu hamwe n’abashika 155 000 umaze guhitana muri Amerika.

Ni mu gihe ku mugabane wa Afrika abarenga 948 800 bamaze kuwandura n’19 980 umaze guhitana.

Kw’isi yose, COVID -19 imaze kwandurwa n’abarenga 17 960 500 hamwe n’abarenga 687 000 bamaze gupfa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG