Uko wahagera

Ambasaderi wa USA muri Zimbabwe Aragabishwa Kwirukanwa


Brian Nichols, ambasaderi wa Reta zunze ubumwe z'Amerika i Harare muri Zimbabwe.
Brian Nichols, ambasaderi wa Reta zunze ubumwe z'Amerika i Harare muri Zimbabwe.

Umugambwe ZANU-PF uri ku butegetsi muri Zimbabwe ku munsi wa mbere wagirije ambasaderi wa Reta zunze ubumwe z’Amerika i Harare, Brian Nichols, gufasha abatavuga rumwe n’ubutegetsi mu bikorwa vy’imigumuko.

Abategetsi ba Zimbabwe barasohoye kandi urutonde rw’abanyepolitike 14 baronderwa n’igiporisi, ariko ico bagirizwa nticatangajwe.

Abanegura reta bavuga ko abategetsi bariko baragerageza kuburizamwo imyiyerekano y’abatavuga rumwe nayo, itegekanijwe kuri uyu wa gatanu.

Umuvugizi w’umugambwe ZANU-PF, Patrick Chinamasa, yagabishije ambasaderi Brian Nichols ko ashobora kwirukanwa mu gihugu mu gihe yobandanya ibikorwa vyo gushigikira umugambwe MDC ico yise kudurumbanya igihugu.

Gushika ubu ambasade y’Amerika i Harare ntaco irashikiriza kuri ivyo vyagiriji n’uko gushobora kwirukana Ambasaderi Nichols.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG