Peter Biar Ajak, umunyasudani aharanira ko ibintu vyohinduka mu gihugu ciwe ca Sudani yo mu bumanuko yahungiye muri Reta zunze ubumwe z'Amerika.
Yahunze afashijwe na Reta y’Amerika yamuhaye impapuro za visa zihutirwa we n’umuryango wiwe. Ni inyuma y’uko prezida wa Sudani yo mu bumanuko, Salva Kiir, ategetse ko anyuruzwa canke yicwa.
Uwumwunganira, Jared Genser, yamenyesheje ko yaburiwe n’abategetsi bakomeye mu gihugu ciwe.
Yashitse i Washington mw’ijoro ryo ku musi wa kane inyuma yuko yinyegeje mu kiringo c’indwi zitari nke mu gihugu ca Kenya hamwe n’ingorane yagize z’ugushobora kuhava kubera ingingo z’ukurwanya ikiza c’umugera wa Corona.
Peter Biar Ajak, afise imyaka 36 muri iki gihe, yatangaje ko yari atekewe n’ubwoba bwinshi cane mu ndwi za nyuma imbere yuko ashobora guhungira muri Amerika. Amenyesha ko yumvise aremurutswe igihe indege yamuzanye muri Amerika yahaguruka.
Ajak, yanonosoye ivyerekeye ubutunzi kuri kaminuza ya Harvard, yarafashije gushiraho inzego nshasha zijejwe umutekano w’igihugu. Yamara izo nzego zaramupfunze mu myaka y’inyuma yaho. Ni umwe mu banebagura bikomeye cane intwaro ya Prezida Kiir.
Ntiyafashe minenerwe ukugabisha kumunyuruza canke kumwica. Mu kwezi kwa mbere, umwaka w’i 2017, abandi banyasudani yo mu bumanuko 2 batavuga rumwe na reta baragandaguwe inyuma y’uko banyurujwe mu gisagara ca Nairobi.
Ivyo vyatumye Reta ya Amerika ifatira ibihano abategetsi 5 bo muri Sudani yo mu bumanuko.
Facebook Forum