Uko wahagera

Afrika y'Epfo: Amashure Azongera Kwugarwa Ukwezi Kubera COVID-19


Perezida Cyril Ramaphosa wa Afrika y’epfo yavuze kuri uyu wa kane ko amashure muri Afrika y’epfo azongera kwugarwa ikiringo c’ukwezi kuva kuri uyu wa mbere mu ntumbero yo gukinga ikwirakwira ry’umugera wa corona. Ni mu gihe ico gihugu kirushiriza kubona ibitigiri vy’abandura vyiyongera.

Igihugu ubu gishitse ku bantu barenga 408 000 bamaze kwandura uwo mugera, kiza ubugira gatanu kw’isi. Abarenga 6 000 baramaze kuhasiga ubuzima.

Iyongerekana ry’abanduye ryatumye haba amakenga ku barimu, aho sendika yabo yasavye reta kwisubirako ku ngingo yafashe yo kwugurura amashure mu kwezi kwa gatandatu.

Amashure azosubira kwugarwa kuva kw’itariki ya 27 y’ukwezi kw’indwi yongere asubire kwugururwa kw’italiki 24 z’ukwezi kwa munani.

Tukivuga kuri uyo mugera mur’ico gihugu, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Afrika y’epfo bwavuze ko abakozi bo mu gisata c’amagara y’abantu bagera ku 13 000 bawanduye abandi barenga 100 muri bo urabahitana.

Umuvugizi wabwo, Popo Maja, yavuze ko vyatewe n’ubukene bw’abakozi, aho bamwe bahisemwo guheba akazi ku bwoba bwo gutinya kwandura, hamwe n’ibikoresho vyo kwikingira bidakwiye.

Raporo yasohowe kw’italiki ya 12 y’uku kwezi kw’indwi n’ikigo ca Afrika y’epfo kigenzura abarwayi mu bitaro cavuze ko ibice 2.6 kw’ijana vy’abinjira ibitaro barwaye covid-19 muri Afrika y’epfo ari abakozi bo mu gisata c’amagara y’abantu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG