Uko wahagera

Sena ya Nijeriya Isaba Abakuru ba Gisirikare Gutanga Imihoho


Abasenateri ba Nijeriya bemeje itegeko risaba abakuru ba gisirikare gutanga imihoho kuko bananiwe kugarukana umutekano.

Nijeriya ihanzwe n’ibitero vy’umuhari wa Boko Haram hamwe n’iyindi mirwi yitweje ibirwanisho iteye uruhagarara mu buraruko bushira ubuseruko.

Mu ntango z’uku kwezi, abarwanyi bashamikiye ku muhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu barishe abasirikare batari bake ba reta mu buraruko bushira ubuseruko. Ku munsi wa gatandatu abasirikare bashika 23 baguye mu mutego w’abitwaje ibirwanisho muri reta ya Katsina.

Ubwo bwicanyi bumaze imyaka 10 butangujwe na Boko Haram mu buraruko bwa Nijeriya bumaze guhitana abantu 36 000, abashika imiliyoni zibiri bakurwa mu ngo zabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG