Uko wahagera

CEDEAO: Abaperezida 4 Kwumvikanisha Abashamiranye muri Mali


Umutegetsi muri reta ya Mali yatangaje ko umurwi w’Abakuru b’ibihugu vya Cote d’Ivuware, Ghana, Senegal na Nijeri bategekanya gushika i Bamako muri Mali ku munsi wa kane, aharangwa uruhagarara rwa politike.

Ibi bitangajwe inyuma y’iminsi itanu intumwa 15 zarungitswe n’ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika, CEDEAO, zinaniwe kumvikanisha perezida wa Mali n’abanyepolitike batavuga rumwe na we.

Perezida wa Mali Ibrahim Boubacar Keita ahanzwe n’umuhari wiswe “Mouvement du 5 Juin” umaze indwi zitari nke mu myiyerekano yatanguye mu ntango z’uku kwezi ihitana abantu 11 n’abandi 158 bakomeretse.

Abatavuga rumwe na we bamusaba kuva ku butegetsi kuko yananiwe kunagura ubutunzi, gutuza ibiturire no kurwanya intagondwa z’abayisilamu bamaze imyaka umunani bahungabanya umutekano w’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG